Urudandazwa mu mihari: Célestin Manirakiza avuga yuko arongoye BDLF-abisezerano yashizwe kurutonde rwaba “Escrots” kubera ikete yandikiye ishirahamwe “Smart”

Celestin Manirakiza avuga yuko arongoye BDLF-abisezerano afatwa nkumu « escrot  » kubera amakete yandika harimwo iryo yarungikiye ishirahamwe « Smart » arisaba amadolari y’amanyamerika 200.000,00. Abarundi barayamaze ngo « kutamenya biragatsindwa » ahandi naho ngo  » Uhahamira amaronko akakuziba (amatwi) amaso ». Hariho abantu batoye kugira imihari inzira yoroshe y’amaronko inzira yahafi yo gutunga. Bagomba gutunga ku nguvu. Bibagira yuko inzira ya hafi yamaze abatwa. Murabo hariho abafashe « Isezerano  » barigira inzira yo kwibisha akarimi gutyo bakisiga iceyi. Akarorero ni bamwe muhora mwumva bavanga ivyo Imana nivya politique bitagira ico ishingiyeko gifadika bigasa no kwotsa uburo canke kuvuga ayabazamyi. Iyo babuze ico bavuga baracurikiranya amajambo canke iyo hariho ico bovuzr bakabura amajambo atomoye yo kugishikiriza kuko mumitima yabo huzuyemwo urwanko, ishari n’inzigo. Muri abo bakoresha ijambo « Isezerano » harimwo benshi batagira intumbero itomoye, abafise ico bise intumbero nabo, usanga bahahamiye ivyubahiro n’amaronko maze ineza y’Abarundi ugasanga bayitaye kure. Tugarutse kuri BDLF-abisezerano n’uyo Celestin Manirakiza, muvyo ayaga yivugira yuko abemera Isezerano ryavugishijwe ku Burundi (ry’ukuri) ngo ni ibikoresho vya leta y’uburundi. Ni amajambo benshi bavuga mukwikurayo. Wa wundi ngo uwo binaniye abeshera ikirago ngo kiranyerera. Iyo atanditse amatangazo ngo ababa mugisagara ca Bujumbura bose ni bahunge, bamubise ico yikorera aba agomba gushika kuki? Bafata abantu nkimburabwenge! Yama yandika amakete yereka yuko afise umwanya wo gukora n’ivyo atazi nko mukwandikira abakuru bibihugu vyo mukarere. Iyo naho atagurishije udukarata yacapuye ngo aronke ico asumira umwana yandikira amashirahamwe ngo amuterere. Ivyo vyose bigasukwa mwibarabara kuko biba biciye munzira y’ubuzimire no kutabona ukuri ntangere ( connaissance de la réalité des choses). Wihaye abatwenzi uba wikuyeko agashambara. Kwandikira abakuru bibihugu, kwandikira onu mbere no gutuma amakete y’urutavanako kwa paapa i Roma ntaco bifasha abagowe ahubwo ni igihendabana. Nguyo yandikiye ishirahamwe ryo gutumatumanako « smart » ngo rimuhe $US 200.000,00. Aregera abazi ivyugutegeka bamwigishe! Tugarutse kwizina yomekera ku muhari wiwe, uvuze Isezerano uba uvuze ico Imana yavuze, yasezeranye canke yahanuye rero abaryitirirwa boba inyankamugayo, intungane n’abagororotsi. Mugabo ijambo isezerano canke amasezerano rirashobora gusigura ubwumvikane hagati y’abantu canke imigwi y’abantu; mbere na shetani ara sezerano n’abantu ivyo vyose vyokoreshwa nijambo isezerano ryomekewe kuyandi. Wawundi ati uramvye arabona. Duhamagarira abarundi bose n’abanyamahanga bazi ibanga ry’isezerano kurindira ugusohozwa kwaryo kuvuye mw’ijuru ntibasahugwe utwabo n’abababwira ngo hari ico bagira babamarire. Mugabo rero ni bamureke yitaratarize!

Ikete yandikiye smart asaba $200.000

Udukarata yikoreshereje two kugurisha mubanyagihugu, ibihumbi 20.000 canke 50.000

Ikete yandikiye Umukuru w’igihugu ca Tanzania, hariho nayandi menshi.

Celestin Manirakiza agikora mugipolisi c’Uburundi , mugisata ca PAFE.

Publicités

Un commentaire sur “Urudandazwa mu mihari: Célestin Manirakiza avuga yuko arongoye BDLF-abisezerano yashizwe kurutonde rwaba “Escrots” kubera ikete yandikiye ishirahamwe “Smart”

Les commentaires sont fermés.