Mairie: Umuntu akoresha ibimangu vya magendu yafashwe

Igiporisi c’Uburundi cerekanye umuntu yitwa Emmanuel NZAMBIMANA yafatanywe ibimangu vya magendu 37 vy’inzego zitandukanye asanzwe akoresha, murivyo hakaba harimwo n’ivy’ubushikiranganji bumwe bumwe.

Umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyeshako Emmanuel NZAMBIMANA yafatanywe ibimangu bitandukanye,imashine nyabwonko hamwe n’imashine isohora impapuro « imprimante ».

Pierre NKURIKIYE avuga ko uyo Emmanuel NZAMBIMANA yafashwe kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro 2018 mu gisagara ca Bujumbura.

Publicités