RDC: Moise Katumbi yankiwe kwinjira muri RD Congo gutanga impapuro zo gusaba kwitoza mu kibanza ca Prezida.

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta muri reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Moise Katumbi, yankiwe gusubira mu gihugu ciwe kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Reta ya Congo yankiye uwo yahoze arongoye intara ya Katanga aba mu buhungiro muri Afrika yepfo kugaruko mu gihugu ciwe.

Katumbi yasavye uruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu uyu musi mu gitondo kugira aje gushikiriza impapuro akanama kajejwe gutegura amatora, zerekana ko umugambwe wiwe ari we washize imbere mu matora y’umukuru w’igihugu.

Abajejwe umutekano i Lubumbashi bazibiye ibarabara rikuru, igipolisi na co kirakwiragizwa mu bibanza vyegereye ikibuga c’indege.

Hari n’umugambi wo kubuza indege izanye Katumbi kugwa ku kibuga c’indege.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Lambert Mende avuga ko uwo yahoze arongoye intara itunze cane mu mabuye y’agaciro azohagarikwa igihe yogerageza kwinjira muri Congo akoresheje indege itwara ingenzi.

Publicités