PARCEM yashize ahabona umwihwezo yakoze kubijanye n’iterambere ry’amakomine

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako Uburundi bufise ivyankenerwa kugira umugambi wo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu ushirwe mu ngiro ariko hari ingorane zimwe zimwe zituma uwo mugambi utaja mu ngiro.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamkuru kuruno wa gatanu,umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko bimwe mu vyankenerwa biriho mu gushira mu ngiro umugambi wo kwegereza abanyagihugu ubutegetsi na cane cane mw’iterambere ari igitabo ngenderwako cerekana poritike y’igihugu ijanye no kwegereza ubutegetsi abanyagihugu,itegeko ryerekana uko abajejwe intwaro muri komine bakora hamwe n’ikigega c’igihugu kijejwe gushigikira amakomine cashizweho.

Faustin NDIKUMANA avuga ko naho ibikenewe biriho ibituma uyo mugambi udatera imbere ari ingorane izijanye no kutitwararika ibikorwa vy’iterambere,kudakorera hamwe,kudatunganya imigambi no kuyikwirikirana ,ibura ry’abakozi n’ibikoresho mu ma komine,kwigiza inyuma umunyagihugu mw’itunganywa n’ishirwa mu ngiro ry’imigambi hamwe no kutubahiriza agateka ka zina muntu.

Uyo arongoye PARCEM avuga ko kwegereza ubutegetsi abanyagihugu bituma intwaro rusangi isasagara bidasize inyuma iterambere ry’umunyagihugu ariko ivyo bishikwako mu gihe abanyagihugu bashizwe mw’itunganywa ryavyo mu kubigisha guhindura ingendo ndetse hakabaho ugushaka ku bajejwe intwaro mu gutunganiriza abanyagihugu iyo babituye.

Faustin NDIKUMANA aheraheza asaba ko imigambi ijanye n’iterambere ry’amakomine yotunganywa hama kakaba akaryo ku banyagihugu kubona ico babwirizwa gukora kugira biteze imbere bimwe bishimishije.

Publicités