Ariko Namani aca araraka, arivumbura, ati nahoze ngira ngw’arasohoka , ahagarare atakambire izina ry’Uhoraho Imana yiwe.

Yesu ashimwe cane, shalom!

Ikiganiro ni tube maso turorere databuja.

2ABAMI 5:11 Ariko Namani aca araraka,arivumbura,ati nahoze ngira ngw’arasohoka ,ahagarare atakambire izina ry’Uhoraho Imana yiwe,azungagize ukuboko hejuru y’aho ndwaye,ankize imibembe.

Uhoraho adushoboze guca bugufi nokudashaka kumutegeka, mu bibazo vyacu vyose arafise uko agomba kudufasha, nitureke kwifatira ingingo. Uyu mugabo Namani yarakishijwe nuko abwiwe kuja kwoga muri yorodani hama agahumanuka, ariko inyuma ya vyose,Namani yagarutse gusaba Imana imbabazi kuko yavumbujwe nukugabitanya kwiwe. mbega nawe ga Ncuti ntiwoba ugomba kurenganya Imana,ugasanga iraguha inyishu z’ibibazo vyawe nawe ukavyanka? Tekerereza imbere y’Imana uyitabaze kandi uyitakambire,kandi unezererwe inyishu iguhaye kuko zihwanye n’ubugombe bwayo.

Dusenge: Mwami Uhoraho udutabare imbabazi zawe zitubonekeko,udushoboze guca bugufi imbere yawe nokwemera ubugombe bwawe,ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.

Publicités