Mana, nkirisha Izina ryawe, Ucishe urubanza rwanje inkomezi zawe.

ZABURI 54:1-2 Mana, nkirisha Izina ryawe, Ucishe urubanza rwanje inkomezi zawe. Mana, umviriza ugusenga kwanje; Tegera ugutwi amajambo yo mû kanwa kanje. Haleluyaaaaaa ncuti Bakundwa, Imana yo nyene niyo Igororotse ica n’ imanza zigororotse, Alleluya, reka Yumve ugusenga kwacu, Yakire amajambo ariko arava mu kanwa kacu kandi ayihagurutse ku ntebe yayo Yururukire kudutabara. DUSENGE : Turagushimiye Data Wera Muvyeyi Mwiza Turagukengurukiye Mana ya Aburahamu Mana ya Isaka Mana ya Yakobo, Wabanye natwe Mana Yacu,none dutanguye iyindi ndwi n’Uhabwe Impundu, turakwingize ng’utege amatwi Wumvirize ugusenga kwacu guko ari Wewe ducururiraho umutima Umviriza amajojwa yacu guko ari Wewe twizigiye tugirire neza bimenyekane kuri mu ruhande rwacu nkuko wabigaragaje kuri Eliya, raba abarushe abaremerewe abagowe impahazwa ababoshwe abarwaye abapfakazi impfuvyi n’abo bose babuze uko babigenza, batabare guko Uri Umutabazi wacu, duteze Mana ibiganza, utugaburire nkuko wagaburiye Eliya mu bugaragwa, Icubahiro no Gufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe mw’Izina rya YESU KRISTO, Amen.

Publicités