Regideso yafashe ibikoresho bikanyisha 25 (Congelateurs) vyakoresha umuyagankuba wibwe

Ibikoresho 25 bikanyisha « Congelateurs » nivyo vyafashwe muri karitiye ya Buyenzi kuruno wa gatatu n’ishirahamwe rijejwe gutanga amatara n’amazi mu Burundi Regideso bikoreshwa umuriro wibwe muri ryo shirahamwe.

Umuyobozi w’igisata kijejwe ubudandaji mw’ishirahamwe REGIDESO,Charles KUMWAMI amenyeshako ivyo bikoresho bikanyisha vyakoresha umuyagankuba uciye ku gice co muri Ruzizi gitanga umuyagankuba muri REGIDESO.

Charles KUMWAMI yavuze ko hariho umuyagankuba Regideso igura mu gihugu kibanyi ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo ariko k’uruhande rwo muri Kongo ata bubasha bafise bwo kudandaza umuyagankuba k’umuntu wo mu Burundi kireste kuwudandaza muri REGIDESO gusa.

Uyo atwara igisata c’ubudandaji muri REGIDESO avuga ko igikoresho kimwe muri vyo bikanyishwa catangishwa amafaranga ibihumbi 80 ku kwezi vyose uko ari 25 bikaba vyarihishwa amafaranga arenga imiriyoni 2 y’amafaranga y’amarundi.

Publicités