Shakir Somji, Umurundi yamuka mu Buhinde yahinduye bajaji ayiha iforoma ya kajugujugu

Umurundi yamuka mu gihugu c’Ubuhinde, Shakir Somji, aramaze guha amaforoma atandukanye ivyuma bigendera mw’ibarabara harimwo na bajaji yagize kajugujugu.

Iyo bajaji ikoresha za kamera imbere n’inyuma mu kibanza c’ibiyo vyotegerejwe kwerekana ibindi vyuma canke abantu bari mw’ibarabara.

Aho abagenzi bicara haratandukanye n’aho uwuriko aranyonga aba ari, kandi baba bafise n’imboneshakure bagenda bararaba.

Kubera iba yugaye hose ikaba ifise utudirisha dutoduto kandi tutugururwa nka kurya nyene kw’indege, hariyo icuma gitanga akayaga.

Shakir Somji yaheruka guha imodoka iforoma y’ikirato c’abigeme, kandi hari imodoka nyinshi amaze guha iforoma.