Hoba hibonekeza ibimenyetso vy’ubumuga bwo mumutwe ibuce vyinshi vyabantu bagendana mu Burundi?

Mu Burundi haribonekeza ibintu vyinshi bidasiguritse. Hariho umuhinga umwe muvyo imibereho y’abantu yanditse agira ati kubera ingorane nyinshi zihahamura abantu Uburundi bwaciyemwo, abarundi benshi cane ku bice nka 95% bashobora kuba bagendana ubumuga buterwa n’indwara zo mu mutwe. Ivyo bikabonekera mu mvugo, mu ngiro mbere no mubikogwa vya minsi yose. Hariho benshi iyo inkuba irabije bavuga yuko ari abansi babo bariko barabarondera n’abandi isinzi iyo babonye uwo muravyo brmeza abantu yuko ari ubushobozi bwabo bubikora kuko bahambaye. Aho rero baravyemanga, bagasohora inzandiko, amajwi yabo kuri za Facebook na whatsapp bemanga ibintu iyaba boronse umuvuzi yabinonosoye yobandikiye ibitaro. Aho ni ubuzima muri rusangi. Hageze muvyo abantu bita ivya politike canke ivyo Imana naho ibintu birunyuka babandi bisinzikariye ntiberekane gusa yuko bagwaye, mugabo yuko ari igihugu cose kigwaye. Uza wumva ngo:

1. Kuva ubu ntihagire uzosubira kuja mu mirimo canke ahandi hantu muri iki gihe canke iki.

2. Kuva ubu ni jewe ndamutswa uburundi kandi ndabugize ubwami.

3. Gura ikarata canke igitambara iki canke kiriya (ibendera) kuko hagira habe ibi canke biriya.

4. Imana yambariye ngo, none barundi mwese kore ibi na biriya.

5. Hagiye kuba ikibi , icago canke ububisha ubu, ba na na banaka…..

Ibimenyetso nyamukuru vy’umuntu yagize ingorane mu mutwe ni ugutakaze gusobanira icukuri n’ikitabaho ( perte du contacte avec le réel), no kwibaza yuko uhawe ubushobozi butangage ( croire être investi -et/ou hanté par- d’un pouvoir extraordinaire). Mwa bantu mwe ntihagire ujana n’abangushi ngo abure gukora ibikogwa vyo kwiteza imbere, kwiga, kudangaza, gukora imirimo yose ishoboka yomufasha, igafasha imiryango n’igihugu ngo akurikiye abangushi, ababeshi n’abatwazwa ituntu na za kameremere kabo canke imiyaga yo mukirere. Abo bakinisha ivyo Imana bibaza yuko bahiriwe kuko batazohinyuzwa muri ubu buzima mugabo baragowe kuko ni impumyi zibaye zitazi umunezero wo kumenya ukuri no kwidegemvya aho uri hose. Abo bakinisha ivyo igihugu ntibabahendeshe imigani y’abakecuru kandi ntibiyibagize yuko igihugu kitatogwa mw’ibarabara. Kiracunzwe n’imyugariro n’abahungu n’abakobwa bameze nkuko kwawe. Kugira ngo uronke igihugu haraba icuya, amabavu n’amaraso. Abisirayeri kugira ngo bashike aho bageze ubu nti « bihagarariye gusa » bagize urugendo rurerure, bagwanye intambara nyishi, barapfuye barasubira, barakomeretse barivuza kandi Imana yari kumwe nabo mbere n’isandugu y’isezerano barayigendana. Bibwigwa benshi bikumvwa na benevyo.

Mwiyubare, mwiyubare, mwiyubare.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s