Abanyeshure 25000 nibo bakoze ikibazo co kuja mu mashure y’akarorero

Abanyeshure barenga 25000 nibo bakoze ikibazo kuruno wa kane igenekerezo rya 23 Myandagaro 2018,kibaha uburenganzira bwo kuja mu mwaka w’indwi w’amashure y’akarorero.

Abanyeshure barekuriwe gukora ico kibazo n’abanyeshure ba 5 ba mbere baba bafise amanota meza gusumba abandi mu mwaka wa 6.

Mu gihe bamwe mu bavyeyi bavuga ko abatorwa kuja murayo mashure inyuma y’ikibazo kiba cakozwe bidafise umuco,abo mu murwi ujejwe gukwirikirana ivy’ico gikorwa bavuga ko vyose biba mu muco kandi n’inkaratasi abanyeshure baba bakoreyeko zitangwa.

Publicités