Abanywanyi b’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana mu ntumbero yo kwiteza imbere CECAD ryatanze kuruno wa gatanu igenekerezo rya 31 Myandagaro umwaka wa 2018,intererano y’amatora yo mu mwaka wa 2020 ingana n’iimiriyoni 210.086.756 y’amafaranga y’amarundi.
General de Brigade Audace NDUWUMUNSI yaserukiye abanywanyi ba CECAD yamenyesheje ko iyo ntererano itanzwe n’abanywanyi ba CECAD benshi muribo bagize n’abasirikare ari mu ntumbero yo kwerekana ko bashigikiye ishaka ryo kwitunganiriza amatora meza yo mu mwaka wa 2020.
Audace NDUWUMUNSI yavuze ko biciye muriyo ntererano,abanywanyi ba CECAD bemeje yuko bazobandanya gukingira intahe yo kwikukira kandi bipfuza ko amatora ya 2020 yoba meza kandi atuje.