Mairie: Umuntu umwe yishwe n’imvubu,ubwato buroba nabwo burasambuka

Imvubu yarasambuye ubwato bukoreshwa mu kuroba ahitwa Kumase ku mugoroba wo kuruyu wa mbere igenekerezo rya 3 Nyakanga 2018, abantu 2 bari hafi yabwo nabo barasoma nturi.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza Pierre NKURUKIYE amemnyeshako Umuntu umwe yasomye nturi ahava aritaba Imana uwundi nawe acika kw’icumu.

Ayo makuru avuga ko uwitwa Bosco NTIKABAKAMWE wo mu Buterere ariwe yishwe n’iyo mvubu mu gihe uwitwa Nsabimana wo mu Ruziba nawe yahatswe kwicwa niyo Mvubu.

Publicités