Ubushikiranganji bw’indero busaba amashure yatangishije abanyeshure amafaranga yo kwiyandikisha kuyasubiza

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero,inyigisho z’ubuhinga hamwe n’imyuga Hermenegilde BURIKUKIYE asaba amashure yoba amaze gutoza amafaranga atangishwa abanyeshure mu kwiyandikisha ko asubizwa canke agaharurwa mu mafaranga y’ishure kuko amafaranga yo kwiyandikisha abujijwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka wa 2018 ariko amenyeshako umwaka w’ishure wa 2018 ushira umwaka wa 2019 uzotangura kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2018,Hermenegilde BURIKUKIYE yamenyesheje ko gutangisha amafaranga mu kwandika abanyeshure bibujijwe n’amategeko aboba bamaze kuyatangisha bakwiye kuyasubiza vuba.

Kubijanye n’itunganywa ry’amafaranga y’ishure ,Hermenegilde BURIKUKIYE yavuze ko amafaranga yavuzwe yaba abayobozi canke abavyeyi bose bayazi ata kibazo biteye.

Hermenegilde BURIKUKIYE avuga ko amafaranga araba imigambi y’ishure izotunganywa niyo yonyene ategerezwa kuganirwako hagati y’abavyeyi barereye kw’ishure hamwe n’ubuyobozi bw’ishure.

Publicités