Ubushikirangaji bw’amagara y’abantu muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo bwabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko Ebola yageze mu gisagara ça Butembo ukorerwamo ubucuruzi buhinda mu ntara ya Kivu y’amajyaruguru mu burasirazuba bw’iki gihugu.
Igisagara ca Butembo gifise abanyagihugu bagera hafi ku bihumbi 900, ukaba unakorana ubucuruzi n’igihugu kibanyi ca Uganda.
« Turasaba abanyagihugu kuba maso kandi bakubahiriza amabwirizwa yose y’isuku nkuko atangwa n’abaganga. »
Kuva mu kwezi kwindwi, Ebola imaze guhitana abantu bagera kuri 80 muri Kongo naho abandi 40 barayanduye.
Benshi mu bishwe na Ebola bari batuye mu bice vyo mugihugu hagati ariko hari abagiye batangazwa ko bayirwaye mu duce two mugisagara, nko muri Beni.
Iyi ni inshuro ya 10 Ebola yadutse muri Kongo kuva yagaragara bwa mbere mu majaruguru y’iki gihugu mu mwaka wa 1976.