Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanguje urugendo rw’urumuri rw’amahoro

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanguje k’umugaragaro kuruno wa gatatu igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka wa 2018 urugendo rw’urumuri rw’amahoro igice ca cumi na kabiri umwaka wa 2018 muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega.

Murico gikorwa co gutanguza urugendo rw’urumuri rw’amahoro, Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yaciye yifatanya n’abanyagihugu bo muri komine ya Bugendana mu bikorwa rusangi vyo kubaka ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Makaba.

Bitegekanijwe ko urugendo rw’urumuri rw’amahoro ruzorangira kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka wa 2018 mu vyerwa vya Ngozi inyuma yo guca mu ntara zose z’igihugu.

Urumuri rw’amahoro mu Burundi rwatangujwe n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA mu mwaka wa 2006,uno mwaka wa 2018 rukazohimbazwa ku civugo kivuga giti: “Tuzirikane igihugu cacu tugiture amaboko,umutima n’ubuzima.”

Publicités