Bururi-Mugamba :Umuporisi yapfuye arashwe ,uyundi arakomereka

Umuporisi umwe niwe yapfuye ahitanywe n’amasasu y’abasirikare uwundi arakomereka igihe c’isaha z’ijoro n’inusu mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka wa 2018 ahitwa i Kivumu muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi.

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abaporisi 4 bari bagiye gutabara inyuma yaho abanyagihugu batabaje umwe muribo yatwara ikirindiro c’i Kavumu Raymond HAKIZIMANA yaciye apfa ahitanywe n’urusasu,uwitwa Gaspard BARIKORE nawe arakomereka ku kuguru.

Pierre NKURIKIYE avuga ko komiseri hamwe n’uwurongoye igisirikare murako karere bariko barakora ibishoboka kugira umuco kurivyo vyabaye utangwe abagirwa bashikirizwe ubutungane.

Publicités