RDC:Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko igisagara ca Butembo catandukiwe na Ebola

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gihugu ca Repuburuka iharanira intwaro rusangi ya Kongo bumenyeshako igisagara ca Butembo cabonetsemwo umuntu arwaye ingwara ya Ebola.

Amakuru atangwa amenyeshako igisagara ca Butembo gitandukiwemwo iyo ndwara gisanzwe ari kinini gusumba igisagara ca Beni kimaze imisi kibangamiwe n’iyo ngwara kuko gituwemwo n’abantu bangana ibihumbi 900.

Bivugwako igisagara ca Butembo kirangwamwo uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu kuko ariho haca ibidandazwa bivuye muri Afrika y’Ubuseruko hamwe n’ibindi bidandazwa bija murico gisagara biciye k’urubibe gihana n’Ubuganda.

Abajejwe intwaro murico gisagara ca Butembo bavuga ko batanguye guhimiriza abanyagihugu kugira bashishikare gukwirikiza amabwiriza ajanye n’isuku bahabwa n’abajejwe amagara y’abantu.

Mu kwezi kwa Myandagaro 2018 niho ingwara ya Ebola yongeye kwibonekeza aho mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, aho abantu bangana 85 bahitanywe nayo abagera 39 nabo vyagaragaye ko bayirwaye.

Umuntu afashwe n’ingwara ya Ebola afise ibimenyetso birangwa no kugira umuriro mwinshi akongera akava amaraso ahari ku mubiri hose ahari agatoboro.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s