Ngozi –Gabiro: Ibisasu ntezwantoki 4 vyatowe

Ibisasu ntezwantoki 4 nivyo vyatowe muri karitiye ya Gabiro yo muri komine Ngozi mu ntara ya Ngozi n’abanyagihugu bo murivyo bice.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako ibisasu ntezwantonki bitatu murivyo bine vyatowe bikomeye.

Ayo makuru avuga ko ivyo bisasu vyatowe n’abanyagihugu mu nzu ata muntu ayibamwo kandi ivyo bisasu vyaciye bishikirizwa abajejwe igiporisi muri komine ya Ngozi.

Publicités