Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi

ZABURI 40:5 Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo nivyo wiyumvira kutugirira ; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharurwa. Alleluya bwoko bw’Imana, ivyo Imana yacu NDIHO akugirira wewe ubwawe urabibona aho NDIHO yagukuye wewe ubwawe urahazi, fukama usenge ushima uvuga uti, MANA AHO WANKUYE. Dusenge : Mana yacu Mana Mushobora vyose Mana Udukunda Wagize neza Wabanye natwe muri ca gitutu c’urupfu twarimwo wadukanguye turi bazima hariho benshi batabashije kuvyuka kandi bavyifuza twebwe s’ubuhinga bwacu Mana Imbabazi zawe zatubayeho Mukunzi Mwiza n’Ushimwe, Shishikara kuturinda ba shari na ba nzigo uturinde ivyikakisha vy’uburyo bwose mw’Izina rya YESU KRISTO ivyo udukorera bitangaje ni vyinshi Mana n’ubu Shishikara kutugirira neza satani amaramare ivyo vyooose vyotuma Izina ryawe Mana rirushirizaho kwamamara ubidukorere kandi ubiduhere Ubuntu ni mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s