Urupfu rwa Mohammed Kiruma rwatumye haba ibibazo k’ukwiyongera k’ubwicanyi muri Uganda

Ejo mw’ijoro prezida wa Ugandayarashikirije ijambo abanyagihugu aho yavuze ku bibazo vyinshi biri muri ico gihugu muri iki gihe.

Iryo jambo ry’umukuru w’igihugu ryibanze ahanini ku kibazo c’umutekano muri ico gihugu. Ariko kandi yaravuze ivyerekeye indero, uburimyi hamwe n’imigambi mitomito.

Museveni yashikirije iryo jambo inyuma y’amasaha atari make umupolisi umwe wo mu rwego rwo hejuru Muhammad Kirumira yishwe arashwe hagufi y’umuhana iwe mu kigwati cegereye umugwa mukuru Kampala ku musi wa gatandatu mw’ijoro.

Publicités