Ubufaransa bwataye muri yompi uwahoze ari « umukuru w’inyeshyamba » zo muri Liberia

Abategetsi bo mu Bufaransa ku wa gatanu bavuze ko bataye muri yompi umugabo ukekwa kuba yari umukuru w’inyeshyamba mu ntambara ya mbere yo muri Liberia yabaye mu myaka ya 1990.

Uyu mugabo igipolisi c’Ubufaransa cavuze ko yahawe ubwenegihugu bw’Ubuholandi akaba ubu yitwa Kunti K, aregwa ivyaha vy’ inyoko-muntu.

Bivugwa ko yarwaniye umutwe wavuga ko urwanira kubohoza Liberia ngo uyigeze kuri demokarasi, uzwi nka Ulimo mu majambo apfunyapfunye y’Icongereza.

Publicités