BAKRISTO BENE DATA,KUBA UBONA ABANTU ATACO BIBANGA BIRIRWA BAGUSHINYAGURIRA,GUMIZA IVYIZIGIRO K’UHORAHO NKA YOBU,
ZABURI 10:7_8_9_10_11_12_13_14.
7/Akanwa kiwe kuzuye imivumo n’ubugunge nakadenderezo,musi y’ururimi rwiwe har’ukugira nabi n’ukugabitanya.
8/Yicara mu bibundo vyo mu mihana.mu biryamo ni ho yicira abatagira igicumuro:amaso yiwe ayatatisha umurushwa.
9/Abunda mu biryamo nk’ukwintambwe ibunda mw isenga ryayo,abundira gucakira umworo:Acakira umworo,akamukwegesha umugozi yamuteze.
10/Abunda ,amase hasi,abahizi biwe batura hasi umurushwa.
11/Yibwira mumutima,at’IMANA yibagiye:yipfutse mu nyonga hayo,ntizokwigera ibibona.
12/Kura hasi UHORAHO we,MANA uramvure ukuboko kwawe,Ntiwibagire uciye bugufi.
13/N’iki gituma umunyakibi akengera IMANA,akayibarira mu mutima,ati ntuzohora?
14/Warabibonye,kuk’uraba ukugira nabi n’inzigo,kugira ng’ubishire mu kuboko kwawe,umurushwa yegamira wewe wenyene,Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.
15/Vunagura ukuboko kw’umunyakibi,
Utote ububi bg’umubi,gushitsa ah’utazobumusangana.
16/UHORAHO ni we mwami ibihe bitazoshira,abanyamahanga barandukiye mu gihugu ciwe.
17/UHORAHO,wumvise ivyo abaciye bugufi bagomba.uzokomeza imitima yabo,uzohara ubanze ugutwi,
18/Kugira ng’ucire urubanza impfuvyi n’abadenderezwa,umuntu wo mw ivu yoye gusubira gutera ubwoba. UHORAHO URUMUNYA KIGONGWE UZOKWAME UTUNESHEREZA IBITUGERAGEZA TUZOGIRE IHEREZO RYIZA NKA ENOKI