Umutumiro w’Amasengesho yo kuwa 11 na 15 / 09/2018

Nkuko uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa Mercredi no kuwa Samedi , twama dufise amasengesho yo gusengera u Burundi n’abarundi.

URUFATIRO

~~~~~~~~~

« UWAKUBOSHE AZOBOHWA MUGISHINGO CAWE KANDI IRYOBOHERO URIMWO NTUZORIGUMAMWO » niko Uhoraho agize.

IBISOMWA

~~~~~~~~

Itanguriro 37:18-28

Ivyakozwe n’Intumwa 26:15-18

Esiteri 8:15-17

INDIRIMBO

~~~~~~~~

210; 83; 348; 100; 95

Muvyo Imana ishishikara kuvyerekana ; mwiyi misi haragaragara abantu benshi baboshwe.

Bamwe baboshwe n’abarozi; n’abadayimoni; n’ubukene; inzara; icobari; n’ubushomeri;

Abandi baboshwe n’abantu…

-Yosefu yaboshwe nico ari (indoto) abohwa n’abantu (benese) {itang 37:18-24} bamugira inama yo kumwica;  bamukwegera mukinogo  baranamugurisha.

Ushobora kuba nawe uri Yosefu humura ico kikuboshe kizokurekura(itang 41:37-40).

-Morodekayi yagenewe igihano co kwicwa ariko ibihe birahinduka (Esiteri 8:15-17); naho biri uko Yesu yazanywe no kutugobotora mu bituboshe.(ivyak 26:15-18)

IVYOGUSENGERA

~~~~~~~~~~~~

– Ababoshwe na satani

– abakenye

-Impunzi

-Abafise n’abafitiwe amadeni

-Abagwaye

-Abakubagugwa n’abadayimoni

-Abarongozi b’Ihanga ry’Iman

Nidusangwe Imana, uBurundi n’Isezerano.

Bigiriwe I bujumbura le 10/09/2018

abisezerano. com

2 réflexions sur “Umutumiro w’Amasengesho yo kuwa 11 na 15 / 09/2018

  1. NIvyigiciro kinini kuba imbere yu horaho mumwubashe gose ,mumukunda,mu mwizeye.mwihana ivyaha n uburyarya n ubugunge.nifuje ko nokwifatanya namwe ibihe vyose imana ikiturimdiye kwisi

    J’aime

Les commentaires sont fermés.