Urubibe ivyo bihugu vyahora bidacana uwaka bihurirako rurugururwa mu gihe ivyo bihugu bibandanya kunagura imigenderanire inyuma y’imyaka 20 rwugaye kubera intambara.
Ico kibanza kiri ku rubibe mu buraruko bw’iigisagara ca Zalambessa muri Ethiopia, kiri kw’ibarabara rikuru rihuza ivyo bihugu bibiri.
Abategetsi ba Ethiopia na Eritrea ni yo bari kwirabira ingene hugururwa icese, ikaba ari kindi kintu cerekana ugusubiza hamwe kubandanya.