Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw’idatanga Mpwemu ku ngero. We arakunda umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.

Yohana 3:34; Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw’idatanga Mpwemu ku ngero. We arakunda umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.

*Mpwemu Yera: Mpwemu ata rugezo*

Kuvyerekeranye na Yesu Kristo, ntiyarafise amavuta ku rugero.

Ntivyasaba kw’asenga imisi mirongwine kugira aronke amavuta; ariko amavuta yari muri Yesu niyo yamusunika gusenga imisi mirongwine.

Imisi mirongwine ntiyari yo kwakira amavuta; ariko yari yo gushira ahagaragara amavuta yari muri we.

Ijambo ry’Imana rivuga ngo: »Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw’idatanga Mpwemu ku ngero. »

Muyandi majambo kukw’atahawe Mpwemu ku rugero, nta kintu na kimwe Yesu yashatse gukora kitakoretse; kuko ikintu cose gifise urugezo kirafise aho gitangurira n’aho gihereza.

Ni co gituma Yesu ata nakimwe adashoboye gukora; kuko amavuta y’Imana kuri we ata rugezo yarafise.

Ijambo ry’Imana rivuga ngo: »Mu bihe vyaheze Imana yavuganira n’ubwoko bwayo mu kanwa k’abavugishwa bayo, ariko muri kino gihe Imana ivugira mu kanwa k’umwana wayo. »

Ivyo bituzana aho dutahura kw’igihe tuvuka ubwa kabiri, twahawe Mpwemu adafise urugezo; kuko twacitse abana b’Imana.

Ntibashobora kumenya iyo vyatanguriye niyo biherera, kukw’icaremwe gishasha ata tanguriro canke iherezo gifise.

N’uruzi rutemba rutagira aho rutangurira n’aho ruherera; kukw’ijambo ry’Imana rivuga ngo: »umutima w’Umwami umeze nk’umugende w’amazi mu biganza vy’Imana, awukwegera aho yipfuza. »

Ni co gituma ijambo ry’Imana rivuga ngo: »nzogerera muri bo, nzogendera muri bo. »

Nk’umwana w’Imana, ukwiye kumenya kw’Imana itaguhaye Mpwemu ku ngero, kukw’amavuta yaguhaye s’ay’abantu; ariko yaguhaye amavuta y’amahanga.

Ni co gituma Yesu avuga ngo ni Jewe nahawe ububasha bwose m’ijuru no mw’isi. Nuko ni mugende muhindure amahanga yose. Umve ndikumwe namwe imisi yose, gushitse ku muhero w’isi.

*Kuzirikana*: Nk’umwana w’Imana, ukwiye kumenya kw’Imana itaguhaye Mpwemu ku ngero, kukw’amavuta yaguhaye s’ay’abantu; ariko yaguhaye amavuta y’amahanga.

Ni co gituma Yesu avuga ngo ni Jewe nahawe ububasha bwose m’ijuru no mw’isi. Nuko ni mugende muhindure amahanga yose. Umve ndikumwe namwe imisi yose, gushitse ku muhero w’isi.

*Imirongo yo kuzirikana*: Abaheburayo 1:1-2; Imigani 21:1; Matayo 28:18-20;

*Isengesho*:  Yesu Kristo mwiza, ndagushima kukw’igibe nakwakira nk’umwami n’umukiza nari nakiriye Mpwemu ata rugezo. Nta karimbi mfise ko gushika kure; nta karimbi mfise ko kuvuga ubutumwa bwiza; nta karimbi mfise ko gusengera abarwaye; nta karimbi mfise ko gukora ibitangaza, ibimenyetso n’utwumiza; kuko mfise ubwo butunzi mu nzavya z’ibumba. Nd’isoko ry’amavuta y’Imana, ni co gituma imisi yose mpishura ukuri. Umuco w’Ukuri urasira amahanga uva muri jewe, kuko mfise Mpwemu ata rugezo. Haleluya!

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s