Umurwi ONPGH washikirije aho uhagaze ku cegeranyo c’umurwi ujejwe amatohoza mu Burundi

Umurwi w’igihugu ujejwe gukinga no kurwanya ihonyabwoko ,ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ayandi mabi ONPGH umenyeshako wiyamirije ivyashikirijwe n’umurwi ujejwe amatohoza mu vy’agateka ka zina muntu mu Burundi kuko ivyo washikirije ari ibinyoma.

Mu kiganiro umukuru w’uwo murwi ujejwe gukinga ihonyabwoko yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 11 Nyakanga umwaka wa 2018,Jean De Dieu MUTABAZI amenyeshako abeshuje ico cegeranyo gitunga urutoke inzego z’igihugu kuko bama bakwirikirana amajambo ashikirizwa haba ku misi mikuru canke mu bikorane vyama vyatunganijwe.

Jean De Dieu MUTABAZI avuga ko kubera ibinyoma biri murico cegeranyo baciyamirije bimwe biboneka kuko gifise intumbero yo gucafuza gusa.

Uyo arongoye umurwi w’igihugu ujejwe kugwanya ihonyabwoko,ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ayandi mabi avuga kandi ko ico cegeranyo cashikirijwe n’uwitwa Doudou Diene ari ikinyoma kandi intumbero yaco ari ya poritike.

Jean De Dieu MUTABAZI avuga ko ubuhinga bwakoreshejwe n’uyo murwi babwiyamirije kuko vyagaragaye ko babajije abantu bishakiye kandi ababajijwe badashobora guserukira abarundi bose.

Jean De Dieu MUTABAZI asaba uyo murwi gushikiriza urutonde rw’abasinzikaye bivuye ku gufatwa nabi hamwe n’abagirizwa gusinzikariza abantu ubuzima kugira amatohoza akorwe abagirwa baje imbere y’ubutungane.

Uyo arongoye ONPGH avuga ko mu gihe ayo mazina atotangwa bazobandanya basaba kugira ntihagire urwego na rumwe rw’ubutungane rushobora gukorera kurico cegeranyo.

Jean De Dieu MUTABAZI avuga uyo murwi udatanzwe amajwi,amashusho canke ibindi nk’ivyemeza vy’ico cegeranyo bazobandanya bagifata nk’icegeranyo gifise iyindi ntumbero.

Publicités