Igihugu ca Amerika kivuga ko gishobora gufatira ibihano sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kiragabisha ko gishobora gufatira ibihano sentare mpuzamakungu mpanavyaha niyo yabandanya umugambi wayo wo kuburanisha abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amakuru dukesha BBC amenyeshako umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Amerika mu bijanye n’umutekano,John Bolton yavuze ko iyo sentare itemewe n’amategeko kandi yemeje ko igihugu ciwe kizokora ibishoboka kugira kirinde abanyagihugu baco.

Ayo makuru avuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha iriko yiga nimba yoshobora kuburanisha abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika kubijanye n’ihohoterwa bakoreye imfungwa zo mu gihugu ca Afghanistan.

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika gisanzwe kitari mu bihugu biri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i Lahaye ndetse n’ibihugu bimwe bimwe vyo ku mugabane wa Afrika biri muriyo senatre biza vyaratanguye gusaba kuva muriyo aho bivuga ko icira imanza gusa abanyafrika.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i Lahaye yashinzwe mu mwaka w’i 2000 i Roma mu gihugu c’Ubutariyano ibihugu bimaze kwemeza amasezerano yayo bikaba bingana 123.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s