Inama nkenguzamateka na nshingamateka z’u Burundi ziyamirije icegeranyo ca ONU ku gateka ka muntu

Inama nshingamateka na nkenguzamateka zisaba reta y’u Burundi gushengeza abahinga ba ONU baherutse gusohora icegeranyo c’amatohoza ku bijanye n’agateka ka zina muntu.

Izo nama uko ari zibiri zivuga ko kirimwo ibinyoma ngo kikanatyoza indongozi z’igihugu.

Izo nzego zibiri zabishikirije uno musi mu nama idasanzwe zagiriye hamwe ziri kumwe n’abashikiranganji 3, uw’umutekano, uw’ubutungane n’uwintwaro yo hagati mu gihugu.

Benshi mu bashingamateka bagizwe ahanini n’abaturuka mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, babona ko ari icegeranyo c’irementanya gifise intumbero yo gusenyura inzego z’igihugu.

Umwe muri bo ni Pascal Nyabenda, akaba yagize ati: « U Burundi bufise amahoro y’umusesekara. Mbere busigaye buja no gufasha ibindi bihugu bifise ingorane kugarukana amahoro.

« Ariko mu vyegeranyo vyose bisohoka, nta na hamwe bavuga ivyo vyiza u Burundi bukora. Kandi igitanganje, izo ngabo zija hanze gufasha ziba zishigikiwe na ONU ».

Abatavuga rumwe na leta babibona ukundi

N’aho biri uko, abatavuga rumwe na reta siko babibona, akarorero akaba ari umushingamateka Fabien Banciryanino aturuka mu runani Amizera y’Abarundi.

Yagize ati: « Muri komine ya gihanga intara ya Bubanza mu burengero bw’u Burundi haciye imisi 32 ata munyagihugu arekuriwe gusohoka no kwidegemvya kuva igihe c’isaha zibiri z’ijoro.

« Abanyagihugu barakubitwa bagacibwa n’amande. Ivyo si ibintu biteye isoni? ».

Iki cegeranyo cagiye ahabona mu ntango za kuno kwezi, kivuga ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ricibonekeza mu Burundi.

Kidoma urutoke ku nzego zo hejuru harimwo n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, igipolisi n’imbonerakure.

Kizoshikirizwa inama nkuru y’umutekano ya ONU mu ndwi iza.

Publicités