Uwutavuga rumwe na leta y’u Burundi, Agathon Rwasa, uno munsi yatanguje icese intambwe zishinga umugambwe

Umushingamateka Agathon Rwasa uno musi yateye intambwe ya mbere ikomeye yerekeza gushinga umugambwe mushasha, FNL Amizero y’Abarundi, ngo uharanira ubwigenge.

Yabishikirije inyuma y’inama rukokoma yagiranye n’abamufasha kuwutanguza bagera ku 500 bava mu mihingo yose y’igihugu.

Uwo asanzwe arongoye urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi rutavuga rumwe na reta afashe iyo nzira mu gihe ibwirizwa nshingiro rishasha ritemera inani z’abigenga.

Agathon Rwasa ahejeje gushikiriza ikoraniro izina bagiye guha umugambwe mushasha bipfuza gutanguza, yabwiye abanyamakuru intumbero bafise.

Yagize ati: « Twahuye kugira tugire inama yo gushinga umugambwe nk’uko amategeko agenga imigambwe abivuga. Twipfuza ko twogira uburenganzira bwo kuja mu matora yimirije kugira ntihazogende umugambwe umwe.

« Kuko n’ubwo bavuga ngo mu Burundi hari imigambwe iharurwa mu mirongo, ku rubuga hagaragara umugambwe umwe gusa ».

Hasigaye iki?

Ikigiye gukurikira ni kujana icegeranyo c’ivyavuye mw’ikoraniro mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira basabe kwemererwa gukora ku mugaragaro.

Agathon Rwasa yahoze arongoye umuhari urwana Palipehutu FNL muri kahise, ukaba wasinye amasezerano yo guhagarika intambara muri 2008.

Arongoye urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi, ariko indongozi zituruka mu mugambwe UPRONA zahora zifadikanije nawe mu kurongora urwo runani ntizagaragaye muri iryo koraniro.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s