Ihanga ry’Imana ni bande? Batandukaniye hehe n’abandi?

Ihanga ry’Imana ni abarundi baturuka mu moko yose, intara zose, amadini yose n’ivyiyumviro vya politike bitandukanye.

Ihanga ry’Imana ni abarundi bari mugihugu n’abari mu mahanga mu bihugu bitandukanye nko mumakambi y’impunzi, mu bisagara bitandukanye hamwe n’abagiye gutura mu bihugu vyakure.

Ihanga ry’Imana rigizwe n’abarundi bava mu mice itandukanye, abari ku butegetsi mu gihugu n’ababugwanya, abari mu nzira yo kugororoka n’abakiri mu vyaha mugabo bose bafise intuntu n’ishaka ryo gutunganira Imana no kugendana nayo kugira ngo izobashitse mu Burundi bw’Isezerano no mw’Ijuru.

Uvuze Isezerano, umuntu afise ibanga yahishuriwe , aca abona Imana.

Iyo uvuze Imana, Umuntu yagiriwe ubuntu aca abona ukugororoka, ugutungana, ukwekwezwa n’igitinyiro.

1. Ntushobora kwitwa uwisezerano ngo wongere wifatanye n’abanyavyaha, abanyamahanga n’intakebwa.

2. Ntushobora kuba uwo mw’Ihanga ry’Imana ryahawe sezerano ngo wongere wivange n’amapolitike apfuye, amadini y’ibinyoma n’amacakubiri ayariyo yose, abacokoranyi n’abagiriza abandi ibinyoma.

Imana yemeye kugendana natwe ni Imana y’igitinyiro, Imana ipfuha, Imana Yera kandi igororoka.

-Ntushobora kwitegurira kwambuka yorodani ngo wongere wifatanye canke ngo urongogwe n’abanyegiputa. Ugomba kujabuka I kanani, ugendera kuvyagezwe Imana iguhaye, wemera kurongogwa na Mpwemu w’Imana.

-Ntushobora kuba ufatanije urugendo n’abo mwihanga Imana yitoranirije ngo wongere ushingire ukwemera kwawe ku buvugishwa utoragura irya n’ino.

Umurwanizi yaravangiye abavugishwa benshi baca bakoresha za kameremere kabo, aho bavugishwa ibisunitswe n’agashavu, ukwihora n’inzigo bifatiye ku macakubiri y’amoko, amadini, ivyiyumviro vya politike n’utundi satani yinyegeza inyuma.

Ntiwoba uhishurigwa n’Uhoraho Imana ngo uvuge amajambo y’ubwansi, amajambo yo guteranya , ukwagirizanya no guca ibice mubantu. Ivyo ni kameremere ka satani. Abo mwihanga ry’Imana duharanira kwezwa.

Ihanga ry’Imana ni riganze ry’iganzuye inganji ya satani.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s