Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b’ Imana,

YOHANA 1: 12-13 Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b’ Imana, ni bo bizeye Izina ryiwe, ni bo batavyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’umubiri, canke n’ukwifuza kw’umugabo, ariko bavyawe n’Imana. Alleluyaaaaaaa. Ndakuzaniye ibi bintu muri kano gatondo,umwana iyo ari munzu ya se, ntaho ahishwa agira umwidegemvyo muri vyose amusaba ico ashatse guko aba yabonye ko se agifise niba atagifise arakirondera kugira umwana wiwe anezerwe, none ko bimeze gurtyo mubavyawe n’ukwifuza k’umubiri w’umuntu, Twebwe abamwakiriye ko twacitse abana b’Imana bwite, Tukamwizera Tukaba TWAVYAWE n’IMANA dusabe DATA ico dushaka cose Arakiduha.Alleluyaaaaaa, DUSENGE : Mana Data wa Twese Uvyagiye Ahera cane Mana Udukunda Turagushimiye cane Wabanye natwe waturinze imbabazi zawe zatubayeho Mukunzi Mwiza n’Ushimwe, turakwinginze Data Mwiza ko watwiyumviriyeko ukatugira abana bawe bwite, uduhe ivyo vyose vyubahisha Izina ryawe, ehe benshi bararushe barananiwe bararwaye ehe Data Mwiza babuze uko babigenza ehe abapfakazi impfuvyi ehe ababoshwe impahazwa n’ abana bawe, batabare baramire ububasha bwawe bubashikeko banezerwe baririmbe ukugiraneza kwawe, urakoze Mana turizeye ko umwe wese aza kubona ikiganza cawe, ni mw’Izina rya YESU KRISTO tubisavye twizeye Amen.

Publicités