Imana ni nziza kandi ni nziza cane iguma yirerekana kandi igaragaza ivyishushanya.

Ivyahishuriwe Yohana 7:9-10 : *Hanyuma yivyo mbona ishengero ryinshi, atanuwushobora kuriharura, bo mumahanga yose n’imiryango yose, n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo tembe y’umwagazi w’Imana…”*

Mugihe abantu benshi bashima kandi banezerezwa n’ibiganiro vya Radio Isezerano co kimwe n’ayandi makuru menshi aca kurubuga rwa abisezerano.com, satani we agashavu karaniga agata umutwe akiyambambura akavuga ayamuhe maze agatuma ibikoresho vyiwe vyigaragaza.

Ihanga ry’Imana nkuko tuva mu moko yose (race, tributs, clans) mu madini yose, imico n’ivyiyumviro bitandukanye, tuzokomeza imirimo Imana yaduhamagariye mugukwiza ubutumwa bwiza mu barundi no kw’isi yose mugihe udukoresho twa satani turiko turata umwanya mugucokorana bavuga ivyo batazi, batarigera babona canke ngo bayage nabo. Utwo dukoreshotwa wamugwanizi dukoresha utu audio n’utwo bandiko kuri Facebook na Whatsapp atawoha agaciro kuko dukorera Umwami Yesu yanesheje. Ntugahe agaciro ivyihimbaza bikirengagiza ijambo ry’Imana.

Yohana yeretswe ishengero ry’Imana, abavuye mu miryango n’amoko yose, indimi, imico, intara…zose bari imbere y’intebe y’Imana. Ngiryo ihanga ry’Imana, ishengero ryayo rifise isezerano, Amen!

Igihe cose Imana yegereje kwishura Ihanga ryayo abadayimoni barazukuruka bava I kuzimu ngo bayovye abantu, bagacokora aba na bariya, batera imivurungani, bagakoresha iterabwoba mbere no guteza impanuka bakaziteza. Wumvise umucokoranyi wese uzomenye yuko yanyuranye n’Uhoraho kuko Imana ari Urukundo. Dukomeze gusenga cane dusaba uburinzi kubwoko bw’Imana kandi dusambuza imigambi ya Satani kugira ngo intumwa za satani nzizosange zataye umwanya.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s