Abarundi mubisagara no mu gihugu hagati biyamiriza icegeranyo c’abahinga ba ONU

Nkuko bama babigenza, abarundi bashigikiye ubutegetsi bama bafata uyu munsi bagakora imyiyerekano yo kwiyamirizi ivyegeranyo vy’amashirahamwe mpuzamakungu iyo hakozwe ivyegeranyo canke hafashwe ingingo zitanejereje abategetsi b’IBurundi. Uyu munsi bariko bariyamiriza icegeranyo giherutse gusohogwa n’abahinga b’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe agateka ka zina muntu, ryagiriza Président Petero Nkurunziza yuko akoresha imvugo y’urwanko kandi yuko inzego yashizeho ziguma zica abantu kuva mu 2015 gushika uyu mwaka wa 2018.

Publicités