UGUSENGA GUKORA IVYO UTARI WIBAZAKO VYOSHOBOKA.

NEHEMIYA 2:2-4 Nuk’umwami arambaza ati mbega k’ubabaye,wiraburaniwe mu maso,kand’utarwaye? Ivyo ntibiterwa n’ikindi,atar’umubabaro wo mu mutima.Ndaheza ngira ubwoba bwinshi;ndamwishura,nti Mwami nyaguhora Ku ngoma,mbega nobura kwiraburanirwa,igisagara ca ba sogukuruza,aho bahambwe,carabaye amatongo kand’amarembo yaco yarahiye?N’uk’umwami arambaza,ati non’ugomba iki? Nca nsenga Imana nyen’ijuru.

Uwu ni NEHEMIYA. Amaze kwumva ko i Yelusalemu hasigaye ari amatongo, yafashe umwanya wo gusenga,kwisonzesha, kurira,kwinginga,gutakamba,yereka Imana Rurema umubabaro wiwe.

Bitewe n’ikibanza NEHEMIYA yarimwo(yari umukozi w’umwami iyo bari mukinyago) womengo ntivyokunze ko arekurwa ngo aje i Yelusalemu kwubaka igisagara cabo.

None duhejeje kubonako Uhoraho yamwishuye abicishije mu mutima w’umwami. Umwami yabujijwe amahoro nuko NEHEMIYA ababaye kandi yaramuhaye uburenganzira bwo kuja Kwubaka igisagara cabo.

Ntakirusha Imana imbaraga,wewe senga uzosubizwa.

Ntukagire umutwaro uheba ngo kuko Imana irabibona: Wewe senga,igomba ko uyibwira vyose. Ndakwinginze wongere unsengere uwo mutwaro wari warahevye gusengera.

Dusenge: Uhoraho nyen’imbabazi turagushimiye kubw’ikigongwe n’urukundo rwawe.Harira ivyaha vyabantu bawe. dusengeye imitwaro yacu yose,hamwe n’uyu muntu yamaze kunanirwa no gusenga ngo Uhagurukane ubutabazi bwawe,natuye intsinzi Ku bugingo bwacu,uduhe kunesha ivyari kudutsinda ni mw’izina rya Yesu twizeye,Amen Hallelua.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s