Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye umugambi PAIFAR

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye kuruno wa gatanu igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka wa 2018 mu Vyegwa vya Ngozi ,umugambi PAIFAR(projet d’appui à l’inclusion financière agricole et rurale) ujanye no kworohereza abanyagihugu gushikira ingurane yo guteza imbere ibisata vy’uburimyi n’ubworozi hamwe n’iyindi migambi mito mito.

Imiryango irenga ibihumbi 99 yo hagati mu gihugu igizwe n’imiryango ibihumbi 5 vy’abatishoboye ,imiryango ibihumbi 6 vy’urwaruka n’abagore bo hagati mu gihugu ,imiryango ibihumbi 9 vy’imiryango yo hagati ,ibihumbi 6 vy’abarimyi bato bato hamwe n’ibihumbi 19200 bari mu mashirahamwe y’ubworozi niyo uyo mugambi uzokorerako.

Uyo mugambi uzotwara amafaranga angana n’amadorare y’abanyamerika imiriyoni 38 n’ibice 6.

Publicités