Nkunda Uhoraho, kuko yumvise ijwi ryanje n’ukwinginga kwanje

ZABURI 116 : 1-2 Nkunda Uhoraho, kuko yumvise ijwi ryanje n’ukwinginga kwanje. Kuko yanteze ugutwi, Ni co gituma nzokwama ndamwambaza nkiriho. Alleluyaaaaaaa. DUSENGE : Mana Yacu Papa Wicubahiri Mana ya Aburahamu ya Isaka ya Yakobo Mana Udukunda Wagize neza Wabanye natwe n’Ushimwe Data Wera, n’uyu musi Shishikara kuturinda ivyo vyose bitaguturutseko turabitwikishije Umuriro w’Imana uvuye mw’Ijuru mw’Izina rya YESU KRISTO, ibisigaye Data Mwiza Udushingire amabuye dutambukireko Utwambutse Udukomeze Udufate Ukuboko dutambukireko kugira ngo tubashe gukora no kugenda uko ushatse Urakoze Mutanga bugingo Urakoze Gitare co Kwizigirwa bize kumenyekana kuri Imana uri muri twe natwe turi muri Wewe tubisavye mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen

Publicités