Reke ubusuma, ubusambanyi, akaborerwe, urwanko, inzigo, ukutababarira, …hama Yesu akuganze.

Zaburi 17:1 Uhoraho we,umviriza ivy’ukuri vyanje,bangira ugutwi ugutakamba kwanje,tegera ugutwi ugusenga kwanje,kutava mu minwa iryarya.

Uwu muntu yariko asenga. umwigireko akubere akarorero.

Yasenze abwira Imana ko afise iminwa itaryarya, iminwa itabesha kandi itavuga ivyubuhumbu.

Uyu muntu yari yiyizi ko muvyo agomba gutakambira Imana vyose,umutima wiwe utarimwo icaha n’ubugunge.

Banza wisuzume, urabeko ataco Imana ikugaya.Niwasanga hari ico utarakiranukako banza usenge Imana wikiranure nayo.Uhebe ivyaha n’ubusembwa bwose. Hama ubone kwama urenguka imbere y’Imana bimeze neza.

Muntu utemberana muri terefone yawe amafoto y’abantu bahenye, Ama video y’ubusambanyi,n’ibindi biterasoni, banza ubifute hama wihane neza ubone kuba uwemewe n’Imana Rurema.

Nigute wohimbazanya Imana ibiterasoni?Urashobora kubonekana nk’uwukijijwe ariko udakijijwe. Banza urekure icaha hama ubone kwegera imbere y’Imana widegemvya, atakikuboshe canke ngo kikuremere.Ushobora kwanka kwumva ngo ubirekure ariko ubipfanye , ibikorwa wakoze vyose bizoba impera z’abandi.

Rekura ubusuma,ubusambanyi,akaborerwe,urwanko,inzigo,ukutababarira,n’ibindi hama Yesu akuganze.

Publicités