Uburundi buragabisha gukinjura mu kanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu

Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rivuga ko Uburundi bugabisha ko bushobora gukura akarenge mu kanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu no kwitwarira ababandanya kubwagiriza ivyaha.

Akanama ka Onu kajejwe amatohoza ku Burundi kashizweho mu 2016, kasohoye icegeranyo c’impapuro 272 kivuga ko reta n’abayishigikiye bakoze ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu.

Ico gihugu caranse gukorana n’abagize ako kanama batatu, mbere mu ndwi iheze hakaba harasohotse urwandiko rubabuza guhonyoza ikirenge mu Burundi.

Uwuserukira Uburundi i Geneve, Renovat Tabu, yabwiye ako kanama ko ico cegeranyo « cuzuyemwo ububeshi » kandi ko « cakozwe hishimikijwe politike » aca yongerako ko « kitubahirije igihugu, abanyagihugu n’abategetsi ».

Abarongoye akana ka ONU gatohoza ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi, baheruka gusohora icegeranyo ku Burundi

Tabu avuga ati: « Dukwiye kugira umuco wo kuvuga ukuri, hakuza turashirwamwo ubumara bwo kubesha ata kindi bitanga atari ugusambura inyifato nziza y’isi.

« Uburundi bwiteguye gushikana imbere y’ubutungane umuntu wese atanga inkuru z’ibinyoma kuri bwo, n’aho yoba uwuri muri ako kanama kagize amatohoza. »

« Dufise ubudahangarwa »

Abo bagize ako kanama batatu bariyamiriza ivyo Uburundi buvuga, bakavuga ko bafise ubudahangarwa kuv yo ico gihugu kivuga ko cabeshewe.

Ngo kandi kwivana mu kanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu ataco bwovyungukamwo mu gihe bwobandanya kugenzurwa.

Ku musi wa gatanu, Willy Nyamitwe, umuhanuzi w’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, yavuze ko akanama k’igihugu kajejwe agateka ka zina muntu hamwe n’umushikiranganji ajejwe ubutungane bari i Geneve.

Bagiye kubonana n’umukuru w’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi, Michelle Bachelet.

Nyamitwe yavuze ko mu gihe Uburundi butofatwa neza, bushobora kwivana mu kanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi.

Abagize akanama kagize amatohoza ku Burundi bakiriye neza umubonano wabaye hagati ya Bachelet n’abashikiranganji b’Uburundi, bakizera ko gishobora kuba ari ikimenyetso c’ishaka ry’Uburundi ryo gukorana neza na Onu.

Ububirigi, Uburaya n’Urwanda biragirizwa…

Nyamitwa yagiriza Ububiligi, igihugu cahoze gikoronije Uburundi, ko ari bwo bwakoze ico cegeranyo bafatanije n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, avuga ko bashaka guhungabanya umutekano w’Uburundi.

Yagirije kandi igihugu kibanyi c’Urwanda ko cinjije mu gisirikare kigaha n’ibigwanisho impunzi kugira zitembagaze ubutegetsi mu 2015.

Nyamitwe yavuze ko abahinga batatu ba Onu bashitse muri ico gihugu batamenyesheje ikibazanye.

Yavuze ko ico cegeranyo ata co cavuze ku vyaha vyakozwe n’abantu 34 baronderwa n’Uburundi ku ruhara bagize mu migumuko yo mu 2015, bamwe bakaba baharanira agateka ka zina muntu baba i Buraya.

Nyamitwe yavuze ati: »Nabonye bamwe ngaha (mu kanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu). Twababonye batembera hirya no hino mu biro vya Onu. »

Nyamitwe kandi yavugiye igihugu ciwe ku ngingo cafashe yo kwirukana abahinga ba Onu batatu bari baje gufasha Uburundi mu vy’agateka ka zina muntu.

Nyamitwe yavuze ko bashitse muri ico gihugu batamenyesheje ikibazanye.

Yabwiye abamenyeshamakuru ko kwari nko gusotora intambara, ngo wamenga n’abasumyi b’urusaku.

Publicités