Imvo 5 zituma telefone ngendanwa ishuha n’ingene zotoregwa umuti

Birashobora kugushikira igihe utavyiteze, ugakura telefone mu mufuko uyishira ku gutwi…munyuma ukayikurako wihuta kuberako ishushe.

Birashoboka ko woba warumaze igihe ukoresha telefone yawe munyuma ukabona irazimye ata mpamvu, canke igatangura kwikwega, canke ikakwandikira kuri « écran » ikitameze neza.

Vyoba ari ibisanzwe ngo telefone ngendanwa ishuhe? Inyishu ni ego, ariko imvo ni nyinshi.

Imvo zirashobora guturuka kw’itelefone ubwayo, ku « bwonko » bw’itelefone. Izindi mvo zishobora kuba ziturutse hanze.

Reka tubashikirize izikunze gushika.

1. Telefone irakenera kuruhuka

Imwe muri izo mvo, gushobora kuba ukuyikoresha birenze urugero.

Ushobora kuba wayifatanije n’ikindi kintu nk’ikiduza ijwi (haut-parleur), canke iriko ikorera kuri WiFi canke Bluetooth igihe kirekire, canke iriko ikoresha porogaramu zo mw’itelefone nk’iz’inkino n’ibindi.

Ushobora kandi kuba wakoresheje ukarenza urugero igisata c’amafoto canke ca videyo. Iyo umaze iminota 20 murivyo, ni myinshi cane.

Wovyirinda gute?

Gerageza uhagarike gato, igihe uguma ukoresha porogarama imwe. Telefone irakenera kuruhuka (co kimwe nawe).

Ni vyiza ngo uzimye porogaramu (applications) utariko urakoresha, kandi bisabwa ko ugabanya umuco wa « écran » ntuje hejuru cane.

2. Izuba ryinshi (canke imbeho)

Izindi mvo ni izituruka hanze, ntiziva kw’itelefone.

Woba wibagirira telefone yawe ku zuba canke mu mbeho nyinshi? Si vyiza na gato. « Smartphone » yawe ni nziza koko…ariko ntiyateguriwe ivyo.

Wovyirinda gute?

Ni wame urinda telefone yawe izuba canke ubushuhe burenze urugero. Yishire mu gitutu. Yirinde imishwarara y’izuba. Ntuyishire ahantu hakanye cane.

Iyo yashushe cane, yihoze ukoresheje ikizana akayaga (ventilateur)…ariko ntuze wigere uyishira muri firigo.

3. Telefone yawe yanduye umugera

Ushobora kuba wayishizemwo porogarama ifise umugera (virus), kuko « virus » zizanana muri za porogaramu (applications) umuntu ashira muri telefone yiwe.

Wovyifatamwo gute?

Kirazira gushira porogarame utazi iyo izananye muri telefone yawe.

Iyo wayishizemwo naho urashobora kuyihagarika uciye muri « paramètres » munyuma ukugurura « sécurité », ugaca wugara « sources inconnues ».

Iyo « virus » yamaze gutera telefone yawe, uca uja kuyogesha, ukayuguruza gushasha.

4. Igipfuse telefone kirashobora gutuma ishuha

Birashoboka ko isaho canke igikingiye telefone yawe gishobora kuyitera ingorane hakuyikingira. Ivyo birakunda gushika.

Bishitse wokora iki?

Yikure muri ico kintu kiyipfuse urabe ko arico gituma ishuha. Kiba co canke kitaba arico kibituma, biragabanya ubushuhe bw’itelefone.

5. Ibateri yawe ntikora neza

Amabateri akozwe muri « lithium »ntakomera. Ingene batiri ya telefone yawe imeze, birashobora gutuma telefone yawe ishuha.

Mu bihe bimwe bimwe, telefone irashobora gusha.

Wovyirinda gute?

Niwirinde kwuzuza umuriro gushika kuri 100%, vyiza yihe umuriro gushika kuri 80-90%. Koresha imigozi (cables) myiza igihe wuzuza telefone yawe umuriro, kuko iyo ukoresheje imigozi mibi bishobora kuba inkomoko y’ubwo bushuhe.

Publicités