Uburusiya bwemera ko iraswa ry’indege yabwo ari isanganya ngo ariko ryatejwe na Isiraheli, nayo igahakana

Isiraheli ivuga ko ukurasa ata guhitamwo kw’abasirikare ba Syria ari kwo kwatumye indege y’Uburusiya ikusanya amakuru y’urugamba iraswa, mu gihe Uburusiya bwari bwagirije Isiraheli.

Igisirikare ca Isiraheli camenyesheje ko kibabajwe n’impfu z’abakozi cumi na batanu b’Uburusiya bari mw’iyo ndege.

Ariko ico gisirikare cavuze kandi ko ibitero vy’indege cagavye kuri Syria kwari gusubiriza mu ndumane ku bikorwa bidashobora kwihanganirwa, vyo kurungika ibirwanisho muri Libani.

Uburusiya bwaciye buhamagaza uwuserukiye igihugu ca Isiraheli i Moscow, iyo ndege ikimara kuraswa.

Bwavuze ko Isiraheli yabamenyesheje ko igire igabe ibitero vy’indege hasigaye munsi y’umunota umwe gusa, mu gihe yakoresha iyo ndege y’Uburusiya nk’inkinzo.

Publicités