Kuva ryari Ekleziya yatanguye kubuza abapadiri kurongora, vyatewe n’iki?

Nta na kimwe cerekana ko Ekleziya Katolika ishobora gusubiramwo mu minsi ya vuba iryo tegeko, ariko Papa Francis yavuze ati: ukutarongora kw’abapadiri ni indagano ituma abapadiri birinda imibonano mpuzabitsina, si ukuri kudahinyuzwa (« dogme »), ahubwo ni itegeko rya Ekleziya.

Yabandanije ati: « Dogmes » ni ibintu Ekleziya isanga ari « ukuri kutavuguruzwa »: ukuri kuri muvyo ukwemera gushingiyeko, kudashobora guhindugwa. Uturorero ni nko ku bijanye n’izuka rya Yezu Kirisu hamwe n’Ubutatu Bweranda.

« Ukutarongora si « dogme » y’ukwemera, ni itegeko ry’ubuzima nkunda cane kandi ndemera ko ari impano Ekleziya yaronse. » Mu gihe atari « dogme » ishingiye ku kwemera, bisigura ko bishobora guhindugwa, » niko Papa aheruka kubwira abamenyeshamakuru.

« Ariko muri kino gihe, nta ciyumviro nk’ico dufise, » niko yamenyesheje.

Papa avuga ko muri kino gihe Ekleziya itiyumvira guhindura iryo tegeko ryo kubuza kurongora

Ukutarongora ku bapadiri ni iki? Ni kubera iki bihambaye kuri Ekleziya Katolika?

Ubutegetsi bw’i Vaticano buvuga iki ku bavuga ko kuvanaho iryo tegeko vyogabanya ingeso iri mu bapadiri yo guhohotera abantu bishingiye ku gitsina?

Insiguro y’amajambo

Ukutarongora ni inyifato umuntu yihitiramwo ubwiwe, niko umuhinga mu vy’imibano Francisco Borba Ribeiro Neto wa Kaminuza ya Brésil avuga.

Ukutarongora mu gipadiri ni igihe umuntu abihisemwo abigujije no kwihebera ibikorwa vy’idini igihe ahabwa ubupadiri.

Umu « célibataire » ni umuntu atararongora

Ku bwa Ribeiro Neto, hari amajambo atanu abantu badategera neza: ukwirinda imibonano mpuzabitsina (chasteté), ukuba isugi (virginité), uwemera ahitamwo kuba isugi (virginité consacrée), inyifato yo kutarongora (célibat) hamwe no kutarongora uri umupadiri (célibat sacerdotal).

Ukutarongora ku bapadiri (célibat sacerdotal) ni ukwitanga kw’umuntu mu bikorwa vy’Imana n’ivyo mu kibano, bigafatana no guhitamwo kuguma uri isugi.

Abemera Imana ariko atari abapadiri barashobora guhitamwo kuguma ari isugi.

Abarongoye badashobora kuja mu mugwi w’aba « célibataires » barashobora guhitamwo kuba isugi ku kiringo kinaka, bakagabanya imibonano mpuzabitsina, » niko asigura.

Ukuguma uri isugi biri ku muntu atarigera agira amabanga mpuzabitsina, ariko uguhinduka ukaba isugi bitewe n’ukwemera ni guhagarika imibonano mpuzabitsina, bidasigura ko uba wari isugi.

« Umuntu araheba imibonano mpuzabitsina akerekeza ubuzima bwiwe bwose ku Mana, » niko uwo muhinga avuga.

Ribeiro Neto avuga ko kutarongora bidaturuka mu madini y’abemera Kristu, hari n’ayandi madini akurikiza uwo mugenzo utuma umuntu yihebera Imana, nk’aba Bouddhistes mu Buhindi.

Ikatekisimu ya Ekleziya Katolika isaba abubatse gukora imibonano mpuzabitsina n’abo bubakanye gusa (chasteté des couples), igasaba uwutarubaka urwiwe kwirinda imibonano mpuzabitsina irekuriwe abubatse gusa.

Mu mateka ya Ekleziya Katolika

Mu ntango, abapadiri ba mbere ntibasabwa kutarongora.

« Mu binjana vyakurikiye uwo mugenzo warahawe agaciro kanini, » niko Ribeiro Neto avuga. « Mu bagatolika b’aba Orthodox harimwo abapadiri barongoye muri kino gihe. »

Mu ntango abapadiri ntibasabwa kutarongora

Kuva ku kinyejana ca gatatu n’ica kane, hari imihari myinshi mu bagatolika yari imaze gutangura gusaba ngo abapadiri ntibarongore.

Ikibazo c’uko abapadiri batarongora catanguye kuba umwitwarariko kuva mu kinjana ca 11, aba Papa nka Leo IX na Gregory VII bafise amakenga atewe n’inyifato mbi yari yadutse mu bihebeyimana.

Ukutarongora vyahavuye vyemezwa mu nama mu 1123 no mu 1139.

Muri izo nama, vyategetswe ko abihebeyimana batorongora canke ngo bagire abahabara.

Ukutarongora mu bapadiri kwarongeye gushigikirwa mu nama Concile de Latran mu 1214 no mu nama Concile de Trente (hagati y’i 1545 n’i 1563).

Muri kino gihe

Mu kinjana ca 20, ico kibazo casubiye kuvyuka kuri Papa Pie XII , yashigikiye nawe nyene kutarongora.

Mu nama Concile de Vatican II mu 1965, Papa Paul VI yasohoye icegeranyo, De Priesti Ministeriali , asigura ku bijanye n’ico kibazo.

Mu gihugu ca Brésil abantu barenga 7000 basavye ko bokugwako itegeko « sacrement de l’ordre » kugira ngo bashobore kurongora

Papa Jean Paul II yavuze mu 1979 ko itegeko ryo kutarongora rifata uwo wese yaronse « sacrement de l’ordre ».

« Umupadiri wese yaronse « sacrement de l’ordre » aba yiyemeje kutarongora n’umutima wiwe wose kandi mu mwidegemvyo, aba amaze imyaka myinshi avyitegurira, kandi asenga adakuzako, » niko uwo mwungere yanditse avuga.

Uwamusubiriye Benoit XVI nawe nyene yarashikirije amajambo ku bijanye no kutarongora: « Kugira mutegere neza ico kwirinda gukora amabanga mpuzabitsina (chasteté) bisigura, twotangurira ku ciza cavyo, asigura ko igikorwa cazanye Kristu kwari ukwiyegereza abantu ata gatosi. »

« Mu ndagano yo kutarangura amabanga mpuzabitzina, abapadiri canke abagore n’abagabo bihebeyimana ntibaba biyemeje kuja mu buzima bwabo canke bw’umwiherero, ariko baba bemeye ku mugaragaro gukorera ubwami bw’ijuru, » niko yavuze asigura.

Ico kibazo cifashe gute mu gihugu ca Brésil?

Ku bw’icegeranyo c’ishirahamwe ry’imiryango n’abavyeyi bubatse « National Movement of Families of Married Parents », abapadiri barenga 7000 barasavye ko bokurwako « sacrement de l’ordre » kugira ngo bashobore kurongora.

Bino bisigura ko umwe mu bapadiri bane b’abagatolika, yambuye isutani aja kwubaka urwiwe.

Ikinyamakuru La Civiltá Cattolica casohowe n’abapadiri b’aba Jésuites b’i Roma kuva mu 1850, kivuga ko kw’isi yose abapadiri barongoye barenga 60000.

Muri kino gihe Ekleziya Katolika irahezagira abagabo bubatse bakaba « abadiyakoni ubuzima bwabo bwose ».

« Bakora amabanga yose umupadiri akora, kiretse amabanga y’ikonsekarasiyo canke kurekurira abantu ibicumuro mu cemezo, » niko Ribeiro Neto asigura.

Hari abapadiri benshi bahevye, umupadiri wo muri Brésil, Fábio de Melo akavuga ko itegeko ryo kutarongora ryovanwaho, ko ari itegeko rya kera muri Moyen Âge.

Ku bw’uwo mupadiri, Ekleziya yarikwiye kwemera ko abapadiri barongora – ariko ikagumizaho ukutarongora ku bipfuza ko uwo mugenzo wa kera ugumaho.

Ivyo vyatumye Ekleziya ibura ico ifata n’ico ireka

Umupadiri w’umu Jésuite Thomas Reese avuga ko umugenzo wo kutubaka, wakurikigwa n’uwubishatse.

« Papa Francis yaravuze ko yiteguriye ico kibazo, ariko ngo yipfuza ko cova mu nama z’abepisikopi z’ibihugu, » niko Reese avuga.

Reese avuga ko kw’isi hari amadini menshi adakurikiza uwo mugenzo, agasigura ko Ekleziya iwukurikiza kubera ko yibaza ko ariho amabanga y’idini arangugwa neza.

« Iyo umugabo yipfuza kurongora, ni ikimenyetso ko ataba yarakwiye kuba umupadiri, ubupadiri ni ikintu umuntu yumva ko afitiye umuhamagaro, » niko Ribeiro Neto asigura.

« Ku bwa Ekleziya, ibibazo bijanye n’abahohotera abana bituruka ku bapadiri babwinjiyemwo badafise umuhamagaro (vocation). »

Publicités