Uganda :Igiporisi cankiye Bobi WINE kwijana muhira avuye ku kibuga c’indege

Umushingamateka atavugarumwe n’ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda Bobi WINE yaherekejwe n’igiporisi gushika imuhira iwe avuye ku kibuga c’indege inyuma yaho avuye mu gihugu ca Amerika iyo yaramaze imisi ariko arivuza.

Amakuru avuga ko Bobi WINE akigera ku kibuga c’indege ca Entebbe igiporisi ca Uganda camubujije kuva ku kibuga c’indege kimubwira yuko bajana gushika ku muhana iwe.

Bivugwa ko Bobi WINE yavuze ko ivyo ariko arakorerwa biciye kubiri n’ivyo yipfuza .

Bobi WINE asanzwe akwirikiranwa ivyaha bijanye n’iterwa ry’amabuye ku modoka zari ziherekeje umukuru w’igihugu wa Uganda vyabaye mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka wa 2018.

Publicités