Anosmia: Wokora iki wumvise utakimoterwa canke ngo unukirwe?

Wokora iki umusi umwe uvyutse ugasanga nta kintu na kimwe kikikumotera?

Ni akahe kamoto wokumbura gusumba? Tuvuge ko ushobora gukumbura akamoto k’ibintu umuntu ukunda yisiga, akamoto k’amashurwe canke k’imfungurwa ziryoshe cane.

Iyumvire rero ubuzima bw’umuntu atarigera yumva akamoto k’ikintu na kimwe atanazi ko kinuka canke kimota kuva avutse.

Ubwo ni bwo buzima bwa Wambui Mwangi w’imyaka 24 wo mu gihugu ca Kenya afise iyo ngwara yo kutamoterwa kuva akivuka.

Wambui avuga ko ubuzima bw’iwe ari ubwo kurondeza gusa.