Igisirikare ca Amerika cagize igitero muri Somalia cica abagwanyi ba al-Shabab umunani

Biishura ku gitero, igisirikare ca Amerika cagize ibitero ku musi wa gatanu ibirindiro vy’abagwanyi b’umuhari wa al-Shabab bafitaniye ubucuti na Al-Qaida.

Ibitero vyo kwihora vyabereye mu bumanuko bwa Somalia, bikaba vyahitanye abagwanyi umunani ba al-Shabab, nk’uko bivugwa n’abategetsi ko « kwari ukwigwanako ».

Itangazo ry’uburongozi bwa gisirikare ca Amerika muri Afrika rivuga riti: »Ibitero vy’indege vya Amerika vyatumbereye abagwanyi ba al-Shabab inyuma y’aho Amerika n’abo bafashanya bagiriweko ibitero. »

Iryo tangazo kandi rivuga ko « ivyo bitero vyakozwe bafashanije na reta ya Somalia. »

Amerika irafashe mu gikorwa co kugwanya aba al-Shabab gikorwa na reta ya Somalia hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika muri Somalia (Amisom) kuva mu 2007.

Inyuma yo kwirukanwa mu gisagara ca Mogadishu ku mugwa mukuru wa Somalia mu 2011, aba al-Shabab ubuuturere two hagati mu gihugu aho baza baragira ibitero harimwo n’ivyo ubwiyahuzi hirya no hino harimwo na Mogadishu, ku bategetsi ba reta, abajejwe umutekano hamwe no ku banyagihugu.

Publicités