Abantu 224 ni bo bamaze kumenyekana ko bapfiriye mu bwato MV Nyerere muri Tanzania

Kuri uyu w’Imana ni ho haba amaziko y’abantu 224 bamaze kumenyekana ko bapfiriye mu mpanuka y’ubwato mu kiyaga Victoria mu gihugu ca Tanzania.

Ubwato buzanye ibikoresho vyo kumaziko bwashitse kw’izinga rya Ukara aho abahitanywe n’iryo sanganya baza gushingurirwa hamwe.

Ku rundi ruhande, ingenzi n’imiryango y’abapfuye bashitse Ukara inyuma yo kutaronka ingene baza kuva ejo bari ku kivuko ca Bugorora mw’izinga rya Ukerewe.

Bamwe baje bava i Mwanza kuraba ko bomenya ababo bitavye Imana.

Publicités