Mairie –Buterere : Akarwi k’abanyeshure 7 bugaranye umuyobozi wabo mu biro

Akarwi k’abanyeshure 7 bo mu mwaka wa nyuma kw’ishure ryisumbuye ryigisha ivy’ubuvuzi muri karitiye ya Buterere ya 2 mu gisagara ca Bujumbura bugaranye umuyobozi w’iryo shure kuruyu wa mbere bamusaba ko abashirira umukono ku mpapuro z’umutsindo zabo.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza ,Pierre NKURIKIYE avuga ko abo banyeshure uko ari 7 bugaranye uyo muyobozi bongera bamwaka iterefone ngendanwa yiwe.

Ayo makuru avuga ko abo banyeshure basaba ko bashirirwa umukono ku mpapuro zabo kandi batamenye.

Uyo muvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga kandi ko abo banyeshure uko ari 7 bari imbere y’inyamirabamabi.

Abo banyeshure uko ari 7 ni Epson NIYONKURU,Yvette NSAVYUMUKAMA,Lidine MUKECURU,Oda NZEYIMANA,Marie Louise NDAYIKEZA hamwe na Francoise NUKURI.

Publicités