Tanzania: Perezida Magufuli yirukanye inama nyobozi igenzura ukwunguruza abantu ku kiyaga inyuma y’urupfu rw’abantu 224

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yahagaritse mu mabanga abagize inama nyobozi y’ikigo kigenzura ukwunguruza abantu ku kiyaga, inyuma yaho habereye isanganya ry’ubwato, abantu 224 bagapfa mu ndwi iheze.

Inyuma yaho abagize inama nyobozi ya « Surface and Maritime Regulatory Authority » bahagarikiwe mu mabanga ,Perezida Magufuli yaciye asaba ko hakorwa itohoza ryotuma hamenyekana icateye iryo sanganya.

Uwurongoye ikigo « Tanzania Electrical, Mechanical and Electronics Services Agency » (Temesa) ari naco cagenzura imikorere y’ubwato bwubamye, nawe nyene yahagaritswe mu mabanga co kimwe n’inama nyobozi y’ico kigo, inyuma yaho abakozi benshi nabo nyene birukaniwe.

Hagataho, umusirikare w’umukukuruke hamwe n’umushingamateka atavuga rumwe n’ubutegetsi, Joseph Lukundi bagenywe mu mugwi uzihweza icatumye ubwato MV Nyerere bugira isanganya ku kiyaga Victoria mu ndwi iheze.

Publicités