Somalie: Ahmed Mukhtar Salah yaturiwe azira umwishwa wiwe yubakanye n’uwo badasangiye ubwoko

Abanye Somalia bariko baregeranya amahera yo guha umuryango w’umugabo yaturiwe akanura azize ko umwishwa wiwe yubakanye n’umupfasoni badasangiye umuryango.

Ahmed Mukhtar Salah yari narume w’umuhungu wo mu bwoko bw’aba Bantu yubakanye mu mpisho n’umupfasoni wo mu muryango w’abantu bubashwe cane.

Bamaze guhunga, nyina w’uwo mukobwa yategetse Ahmed ko amugarukana.

Umumenyeshamakuru wa BBC Ibrahim Aden avuga ko se w’uwo mukobwa yari yafashe ingingo yo kubababarira, mu gihe nyina wiwe n’abandi bantu bo mu muryango barahiye bakarengwa ko bidashoboka ko bubakana.

Mu ndwi iheze, Mukhtar Salah yaracumiswe imbugita aca aranaturirwa akanura i Mogadishu mu gisagara ca Somalia.

Igipolisi kiramaze guhagarika nyina w’uwo mukobwa n’abandi benshi bafitaniye isano n’ico gikorwa kigayitse.

Publicités