Umuganga wo muri Sudani Yepfo yegukanye agashimwe Nansen Refugee Award

Igisata ca Onu citaho impunzi (HCR) cahisemwo umuganga abaga muri Sudani Yepfo, Dr Evan Atar, aba ariwe atsindira agashimwe Nansen Refugee Award.

Ako gashimwe gahabwa umuntu ico gisata kivuga ko yarengeye imirimo yiwe, agafasha abanyagihugu bakuwe mu ngo zabo.

Dogiteri Atar niwe arongoye ibitaro biri mu ntara ya Bunj mu buraruko bushira ubuseruko bwa Sudani yo mu bumanuko, ari navyo vyonyene bikora muri ako karere.

Ivyo bitaro bifasha abanyagihugu bagera ku 250000.

Uwo muganga azohabwa agashimwe k’amahera y’amadolari $150000, ngo atanguze umushinga uzoza wunganira ivyo amaze kurangura.

Publicités