Bavuga Imana y’i Yerusalemu nk’ah’ari co kimwe n’imana z’amahanga zakozwe n’intoke z’abantu.

2NGOMA 32:19-21 Bavuga Imana y’i Yerusalemu nk’ah’ari co kimwe n’imana z’amahanga zakozwe n’intoke z’abantu. Ivyo bituma umwami Hezekiya, n’uwavugishwa n’Imana Yesaya mwene amosi,basenga,batakambira iyo mw’ijuru. Nuk’Uhoraho arungika umumalayika,atikiza abahizi bose n’abakuru n’abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri,aho bari basagaje. N’uk’uwo mwami asubira mu gihugu ciwe amaramaye. Maz’ashitse mu ngoro y’ikigirwamana ciwe,abo yivyariye bahamwicishiriza inkota.

Uhoraho, Imana yacu ni intwari muntambara. Iyo umuntu ayisuzuguye,irabanza ikamwirekera akigira ivyo ashaka. Uwu mwami yasuzuguye Umugororotsi Hekezekiya,amutukira kumisozi miremire atako arogota k’Uhoraho ngo ni imana isanzwe. Ivyakurikiye duhejeje kubibona.

Goliyati yarogose kub’isilayeli no k’Uhoraho, turabizi ingene yishwe n’umusore akiri muto cane Dawidi.

Herode yarogose k’Uhoraho yahindutse inyó imbere y’abantu.

Nidutinye iyo Mana ya Yakobo. Yitwararitse umugororotsi, iramurinda,ikamuzigama,ikamukiza.Nimuze tuyisenge duciye bugufi kandi tuyubahe twongere.

Publicités